Mu vy’ukuri, igitigiri c’amezi y’ikirangamisi c’umwaka cisunga ingingo y’Imana Allah, mu vyagezwe ku kibaho kibungabunzwe kuva umusi Irema amajuru n’isi, ni amezi cumi n’abiri; muri yo, harimwo amezi ane matagatifu1 Imana Allah Yabujijemwo gutera indwano. Ukwisunga ico kirangamisi rero, ni ryo dini rigororotse, ntimugahirahire ngo mwirenganye muri ayo mezi2. Muraheza rero murwanye ababangikanyamana bose nk’uko babarwanya mwese, mumenye kandi ko Imana Allah Iri kumwe n’abagamburukiramana mu kubatera ingoga no mu kubashikana ku ntsinzi.