Bemeramana! Ni ukuri, Imana Allah Iramaze kubashikana ku ntsinzi ahantu henshi, inyuma y’aho mugiriye imyiteguro isabwa mukanayishimikiza mukayizera. Ku musi w’urugamba rwa “Hunayini” mwavuze mwigamba muti: “Uno musi, ntitugenda tuneshejwe ku gukehanirwa kw’ingabo n’ibirwanisho!”, mwishimira ubwinshi bw’ingabo zanyu ata na kimwe zabamariye, maze umwansi arabatera mubura isaganirizo, isi irabagira kandi isanzwe yagutse, hanyuma murata muromoka mwaneshejwe, mutungwa n’ayo mwameze mugenda mutazambaye.