Imana Allah Yarahaye abahakanye, akarorero k’umugore w’Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), n’ak’umugore w’Intumwa y’Imana Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Bari abakenyezi b’abaja babiri mu baja bacu beranda1, maze barabahemukira mu kwemera, baraheza baragarariza. Nta n’ico babamariye ngo babakize ibihano vy’Imana Allah. Bazoheza rero babwirwe ku musi w’izuka bati: “Nimwinjire hamwe n’abinjira mu muriro udahera”.