Ingere y’ikibi, ni ikibi ku kindi, uwukoze ikibi akagihanirwa ku rugezo rw’ingere ku yindi; uwubabariye uwamukoreye ikibi na we akareka kwihora, maze nya kibi akakiguza ingere y’iciza ku bw’Imana Allah, uyo rero indishi yiwe ayizeye ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abarenganya mu gusomborotsa abandi.