Kandi rero, mwebwe ntimwonanira Imana Allah ngo muronke aho muyihungira kw’isi. Nta n’umwe mworonka atari Imana Allah yobahagarikira akabatunganiriza ivyanyu, ntimworonka n'umuhagarikizi abakura mu bihano, eka mbere nta n’uwubatabara mu kubibakingira mworonka.