Abagarariji b’i Makka bavuga ku kagagazo n'akantu bati: “Muhamadi ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, wewe uri Umugabisha ku bihano vy’Imana Allah. Burya rero, umugwi wose w’abantu wararungikiwe Intumwa iwurongora mu nzira y’Imana Allah.