Ntumwa y’Imana! Hamwe Tworamuka Tukweretse bimwe mu bihano Twasezeraniye abagarariji, bizoba ari ibihano bahabwa bakiri kw’isi; nitwakwaka ubuzima ugapfa utarabibona naho, menya ko ico ujejwe gusa ari ugushikiriza ubutumwa, na Twe Tujejwe iharura ry’ivyo bakoze no kubibahembera.