Ntumwa y’Imana! Nk’uko Twamanuriye Ibitabu Abavugishwamana mu rurimi rwabo, Twakumanuriye Qor’ani mu rurimi rw’icarabu, kugira ngo uyisunge mu gufata ingingo; niwahirahira rero ngo ukurikire ivyipfuzo vy’ababangikanyamana mu gusenga ikitari Imana Allah, inyuma y’aho umaze gushikirwa n’ukuri kuvuye ku Mana Allah, ntuzoronka umuhagarikizi agukura mu bihano vy’Imana Allah, eka nta n’uwubigukingira uzoronka.