Ibiranga Ubwami bw’ijuru bwasezeraniwe abagamburukiramana, ni uko musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi; ivyamwa vy’aho vyamaho; n’agatutu k’aho ntikigera karenga. Ihembwa ry’Ubwami bw’ijuru rero, ni ryo herezo ryiza ry’abagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Nayo iherezo ry’abagarariji, ni mu muriro.