Ntumwa y’Imana! Nibaba batebura kw'ishikirizabutumwa ryawe, si wewe uzoba ubaye uwa mbere, ni ukuri harabaye itebura ku Ntumwa z’aho hambere yawe, maze Ndatenyenyera gato abagararije, hanyuma ndaheza ndabashikura, ndabahana. Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero, ukuntu Nabahanye Nkabahasha!