Imana Allah, ni Yo Ironsa uwo Ishatse mu biremwa umusesekara mu bimubeshaho, Ikagerera n’uwo Ishatse muri vyo. Abagararije, bobo banezerezwa no kuroranirwa mu buzima bwo kw’isi, burya ubuzima bwo kw’isi nta kirimwo kiretse ukuryoherwa akanya gato, ugereranije n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa.