Nayo abatubahiriza isezerano ry’Imana Allah ryo kuyisenga ari Imwe Rudende inyuma y’aho rishimangiwe cane mu nyigisho z’intumwa zose (za nyakugira amahoro y’Imana Allah), bagaca ubucuti n’ubuvandimwe, Imana Allah Yategetse ko bwungwa, bakagenzwa n’ubwononyi kw’isi mu gukwiragiza ivyaha; abo, ni bo rero bavumwe n’Imana Allah, ni na bo bafise iherezo ribi mu buzima bw’inyuma yo gupfa.