Abemeramana bumviye Imana yabo Rurema Allah n’Intumwa yayo, bagenewe Ubwami bw’ijuru. Nayo abatayumviye bakagarariza, bagenewe umuriro. Iyo abagarariji bobaye bagaba ibiri mw’isi vyose vyigwije na kabiri, maze bakavyigomboza ku musi w’izuka, ntivyokwemewe namba. Abo, ni bo rero bagenewe iharurirwa ribi ku vyo bakoze, ubushikiro bwabo ni mu muriro wa Jahannamu, ni na bwo busaswa bubi cane.