Imana Allah, ni Yo Ituma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze nya mvura yamara kugwa, amazi agatembera mu tubande, gutyo akabande kose kakakira nya mazi ku rugero rw’uko kangana; imigende na yo igaheza igasesera ku mpande zayo inkukura ata co imaze, yahitanwe na nya mazi1. Imana Allah, Irongera Igatanga akandi karorero k’iyazwa ry’ubutare ku muriro kugira buhingurwemwo ibisharizo2 canke ibindi bikoresho3, na ho nyene ko agataka ata co kamaze gaheza kakaja ukwako. Ni nk’ukwo rero Imana Allah Itanga akarorero kw’ukuri, ukuri guca mu ziko ntigushe n’ikinyoma kitamara kabiri; ibihitanwa n’inkukura y’amazi, n’agataka gakurwa n’umuriro mu butare, biraheza bigacika impfagusa; na yo amazi n’ubutare nyabwo bifitiye abantu akamaro, biraheza bigasigara mw’isi. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Iha uburorero abantu kugira batandukanye ukuri n’ikinyoma.