Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni nde Imana Rurema, Ikaba n’Umubungabunzi w’amajuru n’isi!”. Vuga ubabwire uti: “Imana Allah, ni Yo Rurema, Ikaba n’Umubungabunzi wavyo”. Babwire ubagondoze uti: “Bishoboka gute rero ko mureka gusenga Imana Allah, maze mukagira mu gishingo cayo ibigirwamana musenga ata co vyimariye, ata n’ico vyiyicira, nkeswe kugira ico bibamariye, canke ico bibiciye!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega burya impumyi1 n’uwubona2, barangana mu butore! Canke burya umwijima w’ubugarariji, ni nk’umuco w’ukwemera! Kibure ibigirwamana babangikanya n’Imana Allah, vyoba vyararemye nk’irema ryayo, haraheza haba ukwitiranya ivyaremwe na vyo n’ivyaremwe na Yo, gushika n’aho ivyaremye nk’irema ryayo bisengwa ha kuyisenga!”. Ntumwa y’Imana! Babwire ubakurire inkoni ku gashitsi uti: “Imana Allah, ni Yo Rurema w’ikintu ico ari co cose, Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere”.