Ibiremwa biri mu majuru no mw’isi, vyose vyubamira Imana Allah; abemeramana muri vyo, bayubamira ku bugamburutsi nta ngere no ku bushake; abagarariji na bo bicisha bugufi kuri Yo vyanka bikunda, kuko kuri bo ukwicisha bugufi kwategerezwa kuba ndemanwa n'aho mu buzima bwabo barangwa n’ubugarariji. Ivyo biremwa vyose rero, vyidegemvya igitondo n’umugoroba ku bushobozi n'ububasha vyayo.