Ni Yo gusa rero, Ikwiye igisabo c’ukuri gishingiye ku kwemera ko ata mana y’ukuri ikwiye gusengwa atari Imana Allah; ibigirwamana basaba mu gishingo cayo, ntibishoboye kubishura ku kintu na kimwe. Ababisaba bameze nk’umuntu yishwe n’inyota, atega amashi amazi kandi ari kure yayo, agerageza kunywesha umunwa kandi adashoboye kuyashikira; isaba ry’abagarariji rikorerwa ibigirwamana, riri kure cane y’ukwakirwa.