Burya rero, imituragaro iraninahaza Imana Allah kw’ishimagizwa ryayo, abamalayika na bo bakayeza bayitagatifuza mu kuyitinya, maze Imana Allah Ikarungika inkuba, abo Ishatse mu biremwa bagakubitwa na nya nkuba bagahwera, abagarariji na bo bakabandanya guharira ko hari Imana Imwe Rudende Allah Ishoboye kuzura ibiremwa, kandi ari Yo Nyeninguvu Nyenubushobozi mu guhana ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo.