N’abakecuru batagishoboye kuva mu nzu, batagikeneye no gushingirwa, si bibi kuri bo kutambara umwitwikiro mu gihe atari mu ntumbero yo kugaragaza ibisharizo bambaye; ariko mu gihe bokwambara nya mwitwikiro bakikwiza, vyoba ari vyiza kurusha kuri bo. Burya Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana.