Abana banyu nibagera mu bigero, na bo nyene barabanza kudodora mu gihe cose bashatse kwinjira nk’uko abakuze babanza kudodora. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yabatomoreye ingingo zijanye n’urupfasoni rwo kudodora - Ibatomorera ivyemezo n’amabwirizwa vyayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibitunganye ku baja bayo, Intungane mu vyo Ikora.