Igaheza Ikaninahazwa Igatazirwa n’abagabo batigera basamazwa n’urudandazwa, canke n’amasezerano bagiranira y’ubuguzi ngo bibakure kw’ininahaza n’itaziramana no gutsimbaza isengesho no gutanga ishikanwa-bwirizwa. Ivyo vyose rero, bakabikora batinya ibihano vyo ku musi w’izuka, igihe ibiremwa vyaturumbuye amaso bigahungabana imitima;