Muvugishwamana! Bwira abemeramana bicishe bugufi mu kwunamika amaso yabo mu kutaraba ibizira vyotuma bagwa mu caha c’ubusambanyi, baheze bacungere n’ubwambure bwabo mu kudakora ibizira1; ivyo ni vyo bibeza gusumba. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi ibintu vyose bakoze;