Uwo wese rero yishe n’ibigira nkana umwemeramana ata kibimurekurira, azohanishwa umuriro wa Jahannamu awubemwo ibihe bidahera 1, ugushavurirwa n’Imana Allah, hamwe rero no kuvumwa akiri kw’isi, vyongeye Imana Allah Yaranamutegekanirije n’ibindi bihano bihambaye.