Ni ukuri, muri mwebwe harimwo uwunebwa mu kutava hasi ngo aje kurwanya umwansi, akanaburagiza n’abandi kujayo. Iyo bishitse mukicwa canke mukaneshwa, araheza akavuga yiruhutsa n’umunezero n’akantu ati: “Ashii! Ni ukuri, Imana Allah Yarankingiye kuba ntari kumwe na bo ku rugamba”;