Burya mu bayahudi harimwo umugwi wihaye guhindagura amajambo y’Imana Allah mw’irementanya uko atari, bagaheza bakabwira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu kwiyorobeka bati: “Twumvise ijambo ryawe!”, ariko ku mutima riniga bati: “Twiyamirije ibwirizwa ryawe!”, bakongera bati: “Twumvirize ntukumve1, uheze utwiteho utwumvirize tukwumvirize2”, ivyo bakabivugana akarimi gasosa mu ntumbero yo gusabira Intumwa nabi, no gutyoza idini ry’ubwislamu. Iyo bapfuma bavuga bati: “Twumvise kandi twakwumviye, twumvirize rero unadutumbere kugira tugutahure gusumba”, vyari kuba vyiza cane kurusha kuri bo, ryari kuba n’ijambo ritunganye cane, ariko rero Imana Allah Yarabavumye kubera igarariza ryabo ryo kutumvira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), burya ntibemera vy’ukuri kiretse gake cane ata co kazobungura.