Nta n’umwe yubahiriza idini ryiza yoza arusha uwicisha bugufi, agatumbera wese muzima Imana Allah, akaba ari n’umugwaneza mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, akanakurikira idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, gushingiye ku gusenga Imana Imwe Rudende Allah. Burya Imana Allah Yaramaze kugira Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) umukunzi w’intore1 mu biremwa vyose.