Intumwa y’umwamikazi imaze gushika kwa Sulayimani, imuzaniye na twa tuganuke, Sulayimani yatwamiriye kure, ati: “Muntura utuganuke tw’agaciro kugira mungondoze! Ivyo Imana Allah Yandonkeje, Ikangira Intumwa, Ikampa n’ubwami hamwe n’amatungo menshi, birandutira ivyo Yabaronkeje, ahubwo rero mwebwe munezerezwa n’utuganuke muhabwa ku guhurumbira no kwishimira amaronko”.