Umwamikazi, yavuze abagabisha ku ngaruka mbi zo guhangana na Sulayimani, ati: “Mu vy’ukuri, iyo abami binjiye n’ingabo zabo bakigarurira agacimbiri ku nguvu, baraheza bakagasambura, abubahwa muri ko, bagacika ba nyarucari basuzuguritse; muri bo hakaba abicwa hakaba n’abagirwa imbohe. Iyo rero, ni yo nyifato y’abami kugira batinyike;