Ntimukisubireko rero mu gufata isezerano ry’Imana Allah mukarihindura kugira ngo muriguze ibintu vy’agaciro gato cane mu vy'isi. Mu vy’ukuri, mu gihe mwokwubahiriza iryo sezerano, indishi mutegekanirijwe n’Imana Allah ni nziza gusumba nimwaba muzi gutandukanya ivyiza vyo kw’isi n’ivyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.