Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi umusi Twarengukije mu mugwi umwumwe w’abantu icabona kibagiriza, ico cabona kikazoba ari Intumwa Twawurungikiye ivuye muri wo nyene, maze Tukakurengutsa na we kugira ubere icabona aba bantu warungitsweko, ko wabashikirije ubutumwa. Twakumanuriye n’Igitabu ca Qor’ani kugira gitomore ikintu ico ari co cose gikeneye insiguro, congere kibere uburongozi n’impuhwe abacemera, kibere n’inkuru nziza iremesha abislamu.