Imana Allah Yabagiriye mu vyo Yaremye, ibintu mushobora kwikorako bikabaha agatutu; Ibagirira n’aho mushobora guhungira bikenewe, mu misozi, amasenga y’ibuye n’imyobo; Ibagirira n’impuzu zihinguwe mw’ipampa no mu bwoya, n’ibindi, zigaheza zikabakingira ubushuhe n’igikonyozi; Ibagirira n’ivyambarwa bihinguwe mu cuma, bibakingira ivyogeramira ubuzima bwanyu mu ndwano. Ni uko rero, Imana Allah Yabahaye ivyo vyose kugira Ibatunganirize inema yayo yo kubatomorera idini ry’ukuri, kugira mwicishe bugufi kuri Yo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya.