Imana Allah Yabagiriye amazu yanyu mubamwo kuba ari ahantu muruhukira mugaheza mukagira ituze hamwe n’abanyu; Ibashoboza no mu gihe muri ku rugendo gushinga amahema ahinguwe mu nsato z’ibitungwa, ayo mahema araborohera kuyatwara mu gihe mwimutse, akaborohera no kuyashinga aho mucumbitse; Ibashoboza no guhingura mu bwoya bwavyo utwa nkenerwa dutandukanye, kugira muryoherwe gato mu buzima bwo kw’isi, gushika igihe isango ry’umwe wese muri mwebwe ryo gupfa, ryageze.