Bantu! Imana Allah Yarabaremye hanyuma Izobaka ubuzima mupfe urwanyu nirwashika. Muri mwebwe rero, harimwo uwuzoshikanwa mu busaza gushika n’aho atakimenya na kimwe; nk’aho yoba yasubiye mu bwana agatangura guhoha, ntabe akimenya n’ivyo yahora azi imbere yuko asaza. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Mushoboravyose.