Biri no mu nema zacu kuri mwebwe, ivyamwa mwamura kw’itende n’imizabibu, mugaheza mukenga muri nya vyamwa ibiboreza1, mukanabifungurako. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo, cotuma abantu bafise ubwenge batahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bakikebuka bakayigamburukira.