Ndarahiye kw’izina ryanje Jewe Allah, ko mu vy’ukuri Twarungitse Intumwa ku migwi y’abantu b’aho hambere yawe, maze shetani irabaryohereza ibikorwa vyabo vy’ubugarariji n’ibangikanyamana; shetani rero, burya ni yo muhagarikizi wabo abahubisha kw’isi, baranategekanirijwe ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.