Mbega abagarariji ntibaraba ivyaremwe n’Imana Allah bifise igitutu; nk’imisozi n’ibiti, ngo babone ko igitutu cavyo hari igihe gihengamira iburyo canke ibubamfu, gikurikije uruhande izuba ririko ku murango, n’uruhande ukwezi kuriko mw’ijoro, vyose bikaba vyicisha bugufi ku Mana yavyo Allah, kandi vyubahiriza n’itegeko ryayo!