Intumwa z’aho hambere rero, Twazirungikana ivyemezo bitomoye hamwe n’Ibitabu. Ntumwa y’Imana! Na we nyene, Twakumanuriye Qor’ani kugira utomorere abantu amabwirizwa y’ivyo bahishuriwe, kugira ngo biyumvire baheze batahure nya mabwirizwa banayubahirize.