Ni ukuri mu mugwi wose w’abantu, Twararungitse Intumwa ibabwiriza iti: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, muheze muvavanure n’ibangikanyamana mu gusenga ibigirwamana vy’ubwoko bwose1”. Muri buri mugwi w’abantu rero, harimwo abagamburutse maze Imana Allah Irabarongora, harimwo n’ababaye ibigaba maze Imana Allah Irabareka barahuba. Kubera ivyo rero, nimugendagende kw’isi, muheze mwirabire iherezo ry’abahakanyi uko ryagenze.