Abakurwamwo imitima n’abamalayika bagapfa barirenganije mu guhakana, maze bagaca bugufi kuko babonye urwabo rushitse, bakihakana ibigirwamana bahora basenga, bakanavuga bati: “Nta co twigeze dukora mu bicumuro!”, bagaheza bakishurwa bati: “Mwanguha! Ahubwo mwari mwarimonogoje; mu gucumura, ni ukuri Imana Allah, Irazi neza ivyo mwakoze vyose, kandi Izobibahembera”;