Igihe rero Musa aziye kwa Firawuni n’abantu biwe, yibangikanije n’ivyemezo vyacu Twebwe Allah vyerekana ko ari Intumwa vy’ukuri, bamubwiye bati: “Nta kuri watuzaniye kiretse ko ari ubukonikoni bw’irementanya; nta n’aho twigeze twumva ivyo uturarikira mu bavyeyi bacu bo hambere”.