Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) amaze gukwiza ikiringo c’imyaka cumi, agafata urugendo agaruka muri Misiri ari kumwe n’umuryango wiwe, yabonye umucanwa waka mw’ijoro hambavu y’umusozi Twuuri Sinayi, aca abwira umuryango wiwe ati: “Nimundindire gato, ni ukuri jewe nabonye umucanwa, hari n’aho nobazanira inkuru ituzimurura, canke nkabazanira igishirira kugira mwote”.