Nta co abavukanyi banyu bazobamarira, eka n’abana banyu batuma mugira abagararije abagenzi somambike, nta co bazobamarira. Ku musi w’izuka, Imana Allah Izobatandukanya, Iheze Yinjize aberanda mu Bwami bw’ijuru, inkozi z’ikibi na zo Izinjize mu muriro. Burya rero Imana Allah, ivyo mukora n'ivyo muvuga vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona.