Imana Allah, ntiyigeze Yigenera umwana, eka ntiyigeze Igira n’iyindi mana ibangikanya na Yo; iyo rero haba iyindi mana ibangikanije na Yo mu kurema, nta nkeka ko imana imwimwe yose yari kwigungana ibiremwa vyayo, hakaba n’ukwiganza kw’imana imwe ku yindi mu gutunganiriza ibiremwa. Nihaninahazwe rero Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayomekera.