Hanyuma ni ho rero, Twarungikira nya migwi Intumwa zacu zikurakuranwa; igihe cose Intumwa yararikira abo yarungitsweko kwemera Imana Imwe Rudende Allah, barayihakana bivuye inyuma, Tugaca Tubakurikiranya mu kubahonya bagasigara ari akayazwe, Tugaheza Tukabagira iciro ry’umugani ku bakurikiye kugira bikebuke. Haragahona rero abantu batemera Intumwa ngo bazumvire.