Indongozi z’abagararije mu bantu ba Nuhu, zarahakanye zivuye inyuma zibwira abantu bazo ziti: “Burya Nuhu abararikira kwemera Imana Imwe Rudende, si ikindi kiretse ko ari umuntu asanzwe nkamwe, ashaka gusa ko mumwubaha mukamwumvira. N’iyo Imana Allah Ishaka kuturungikira koko Intumwa, Yari kurungika Intumwa ivuye mu bamalayika, eka ntitwigeze twumva ivyo aturarikira ku bavyeyi bacu b’aho hambere;