Ntumwa y’Imana! Nibatarikura mu kanwa, uraca ubabwira uti: “Ni Imana Allah Nyenimpuhwe, ni Yo twemeye twubahiriza n’amabwirizwa yayo, ni na Yo twishimikije, tunazeyeko n’uburaro n’uburamuko. Mu gihe kitari kirekire rero, muzomenya neza uwuri mu muzimagiza ugaragara, uri kure y’ukuri”.