Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ni ukuri, inzoga 1, urusimbi 2, ibigirwamana 3 no gusokora imyampi mu ndaha4 mu ntumbero yo kumenya ico mwokora canke ico mworeka muri kazoza, ivyo vyose ni ibicumuro bituruka ku nyoshambi za shetani, nimuvyirinde rero kugira muronke intsinzi ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.