Ntumwa y’Imana! Ni ukuri uzosanga abantu barangwa n’urwanko gusumba abandi ku bemeramana bagukurikiye, ari abayahudi babasharika hamwe rero n’ababangikanyamana, kandi ni ukuri uzosanga abarangwa n’urukundo rwa hafi muri bo ku bemeramana bagukurikiye, ari abavuze bati: “Twebwe mu vy’ukuri, turi abanaswara”. Ivyo bigaterwa n’uko muri bo, harimwo abamenyi b’indongozi n’abiyeguriye amasengesho; bikanaterwa kandi n’uko bicisha bugufi bakakira ukuri1;