Ni ho Imana Allah Yarungika igikona, cimba ikinogo hasi gishaka gufuririramwo ikindi gikona cishe, kugira cereke Qaabiili ukuntu afuba ikiziga ca murumunawe kimutera urubwa. Ni ho yitangaza yicuza ati: “Amagorwa arama yemwe! Nananiwe no kuba nk’iki gikona, ngaheza nkafuba ikiziga ca murumunanje!”. Ni ho rero yashoka amufuba, aca aruhira kuba mu bicuza.