Ntumwa y’Imana! Cira agace Bene Israyeli ku nkuru y’ukuri y’ivyashikiye Bene Adamu Qaabiili na Haabiili, igihe umwe wese muri bo yiyegereza ku Mana Allah mu gutanga ikimazi1, Imana Allah Iraheza Yakira ikimazi catanzwe na Haabiili kuko yatinya Imana Allah akayigamburukira; Yanka kwakira ikimazi catanzwe na Qaabiili kuko ari ikigaba. Ni ho Qaabiili yaca asharika Haabiili amubwira ati: “Ntegerezwa kukwica!”, Haabiili na we amwishura amuhanura ati: “Ni ukuri, Imana Allah Yakirira abayitinya bakayigamburukira;